Bannière
Bienvenu sur le site officiel de Nsengiyumva Minani Félicien Alias Général Femi de J'Aabat
Vous êtes ici: Accueil Musiques/Textes Chanson No.3 : Ntanumwe atavurwa

Chanson No.3 : Ntanumwe atavurwa

Auteur-Compositeur : Nsengiyumva Minani Félicien

Langue : Kirundi , Année : 1992

 

1.Yaco wicwa n'intuntu kubwo amajambo y'abantu

   Uko bukeye uko bwije  ntibabura ivyo bavuga

  Erega umwansi w'umuntu " umve " : Ni ururimi rwiwe

  Kandi umuntu abura ibanga " umve" : Ntabura ibara

  ( Karagacagaca )

 

Refrain : Ntanumwe atavurwa : " ih ih ih ih " ,

             Niyiri munda iravurwa : " ih ih ih in "

             Jewe nzoreka bavuge : " ih ih ih ih "

             Nibaruha bahore

             Kandi ntanumwe atavuga : " ih ih ih ih "

             Ahuzogenda hose : " ih ih ih ih "

             Uragendera ibanga, ikibi ni akanwa.

 

2. Yaco wumva ay'abantu maze ukihakana uwawe

     Uramwanka umwiyumviye yoye kuzira ubusa

     Abansi riraniga iyo babonye mutwenga

     Abakunzi bakarira iyo babonye muryana

      Erega Dawe akambarira, Mawe nawe akanihira

      Ngo aha turi hari abandi , basa bose mwana wanje

       Hagutunga ibituma, uritungira abantu

       Ibihonyi bigahona, uratera ibisahira.

       ( Karagacagaca)

 

3. Iyo iwacu mu Kirundi mukuyaga baritonda

    Uwutabizi arabibaza, uwuja kwumva arumviriza

    Ndamukunda Mutama akarwa gahiye

    Yaratumira ababanyi tugatamba iciwacu

     Ati aho rero baryango ni musome rusose

    Umwansi rutunde n'abakunzi rwarajane

    Tugatamba amayaya urwedengwe n'umuyebe

     Impundu zikavuzwa, bene wacu muri hehe ?

     Mpora ndota turi kumwe tukayaga ntababona

     Ivyaha kw'isi biragoye ndakubwire mwana wanje

     Ntuze ugore uwagowe, uragora uwakugoye

     Uze uhore uvuga ukuri, ntikubuza uwuvumba.

     ( Karagacagaca )

 

      Tous Droits Réservés

 

 

 

 

Femidejabat.com

Bannière

Visiteurs


Aujourd'hui:9
Hier:14
ce mois:77
Total:7272
Depuis la date:2009-12-01
Bannière